Ibintu 4 nyamukuru vyerekana ko RWAGASORE na NDADAYE babaye incungu z’Uburundi vyukuri.

Mukwezi kwicumi uko umwaka utashe, abarundi baribuka incungu 2 arizo NDADAYE Merchior n’ umuganwa Ludoviko RWAGASORE . Abo bagabo babiri barafise ivyo bahuriyeko vyinshi. Twarashoboye kurondera ivyabaranze mubuzima. Muvyo twaronse, dusanga hari ibintu 4 nyamukuru bahurijeko.

1 .Bose baje mubihe bigoye.

Duhereye kuri RWAGASORE, yaje abarundi barushe kubera intwaro ya gikoroni. RWAGASORE yaje nk’urukiza kuburundi.Ivyiyunviro vyiwe vyatumye umugambwe arongoye utsinda amatora. Ico yashaka cari uko uburundi bwikukira mugihe abamurwanya bavuga ko hataragera.

NDADAYE nawenyene yaje abarundi barushe.Inyuma y’igikoroni, uburundi bwaciye butwarwa n’intwaro za gisirikare. Kuva ico gihe abarundi baciye basubira kwakwa ijambo, igikenye kiriganza. Uwurusha inguvu abandi niwe yatwara. NDADAYE yahavuye azana intwaro rusangi, umurundi ahabwa iteka ryo kwitorera abamurongora.

2 . Ivyiyunviro vyabo.

Amajambo yose bashikiriza, yari amajambo aremesha. Bimwe muvyo yavuze, RWAGASSORE yagize ati:« n’aho nyene badasangiye umugambwe, Uburundi burabakeneye bose. Nshaka ko ata numwe yogirirwa nabi. Nshaka ko reta yoba umuvyeyi ahumuriza bose akabakingira.» Iryo jambo rirerekana ko yashira imbere ukwihanganiranira.

Tugiye  kuraba NDADAYE nawenyene dusanga yarameze uko nyene. Mwijambo ryiwe yimikwa, yagize ati:« Uburundi bushasha buzorangwa n’amahoro kuri bose, agateka kuri bose, ukwishira n’ukwizana kuri bose, ubumwe, ubutungane hamwe n’ukwihanganiranira.» Iryo jambo naryo ryerekana iciyunviro c’uko abarundi bose bogira uburenganzira bungana.

3 . Nta macakubiri bashira imbere.

Muvyiyunviro vyiwe, RWAGASORE ntiyigeze avangura amoko. Nkako umugambwe wiwe wari uhurikiyemwo bose. Mugihe tuzi ko abaganwa batasaba umugeni aho ariho hose, RWAGASORE yarabirenzeko atwara umuhutukazi Mariya rosa NTAMIKEVYO. Ico gihe baramubujije ariko ariyankira kuko ata gatima k’amacakubiri yari afise.

NDADAYE nawenyene yari ameze nkuko. Mumajambo yagiye ashikiriza ntaho dusanga yarahamagariye abarundi gusubirnamwo. Ashitse kubutegetsi, yaciye ashira muri reta yiwe abatutsi 40% n’abahutu 60% kandi ata na hamwe vyanditse mumategeko. Ntiyagejeje aho. Yaciye agena umututsikazi siriviya kinigi mukibanza c’umushikiranganji wambere.

4 . Urugamba rwabo rwa poritike.

Mugihe ushaka ubutegetsi, ushobora guca munzira nyinshi. Hari abafata umuheto, abandi bakabicisha mumigambwe. Yaba RWAGASORE canke NDADAYE, ntanumwe yakoresheje inguvu. Ivyiyunviro vyabo nivyo vyatumye bahurumbirwa n’abanyagihugu. Ikindi bahuriyeko, n’uko ata numwe muri bo yaronse akanya ko gushira mungiro imigambi yiwe.

Twihweje ivyaranze izo ncungu, dusanga hari vyinshi dukwiye kubafatirako akarorero. Abarundi twese twari dukwiye kumenyera kubana mumahoro. Uwuri kubutegetsi akamenya ko ategerezwa gutwarira bose. Abashaka ubutegetsi nabo bakwiye kuburondera badakoresheje ingimba.